Warning: Undefined array key "HTTP_ACCEPT_LANGUAGE" in /home/spcnsbur/domains/spcns-burundi.net/public_html/index.php on line 4

Warning: Undefined array key "HTTP_ACCEPT_LANGUAGE" in /home/spcnsbur/domains/spcns-burundi.net/public_html/index.php on line 4

Notice: fread(): Read of 8192 bytes failed with errno=21 Is a directory in /home/spcnsbur/domains/spcns-burundi.net/public_html/templates/spcnsburundi2017/index.php on line 1
INAMA YOGUTSIMBATAZA AMAHORO N'UMUTEKANO YABEREYE MU NTARA YA BUJUMBURA-RURAL

Kw'igenekerezo rya 4 Kigarama 2019, Nyakwubahwa  Umunyamabanga Ntayegayezwa w'Inama Nkuru y'Igihugu Ijejwe Umutekano,  Coloneli Petero Claver NZISABIRA (SP/CNS), afadikanije n'Umwunganizi m'Ubushikiranganji bw'Intwaro yo hagati mugihugu, Inyigisho zogukunda Igihugu hamwe n'Iterambere ry'abenegihugu, yabandanirije igikogwa co gukangurira abenegihugu gutsimbataza amahoro n'umutekano biciye muma komite y'umutekano ahurikiwemwo na bose yo mu ntara ya Bujumbura-Rural.

  

Muri iyo ntara rero, Nyakwubahwa  Umunyamabanga Ntayegayezwa w'Inama Nkuru y'Igihugu Ijejwe Umutekano,  Coloneli Petero Claver NZISABIRA, yaribukije kandi abari muma komite y'umutekano ahurikiwemwo na bose ko umutekano utakiri igikorwa c'igisoda n'igipolisi gusa ahubwo ko ari  uwumurundi wese, eka n’umunyamahanga aba muri kino gihugu. SP/CNS yasavye kandi ko abenegihugu bo kwama barikanuye mukumenyesha ico cose cobatera amakenga na cane cane ku mbibe ziyo ntara ya Bujumbura; yongera abibutsa gusuzuma ibisohoka n'ivyinjira. Yagarutse kandi kubijanye n'abaduza ibidandazwa bitemewe n'amategeko ko abenegihugu bokorana n'igipolisi mu guhagarika abo bantu bivuye inyuma. SP/CNS yaragarutse kandi kubijanye no gusuzuma udukaye tw'inzu (cahiers de ménages) akongera akanasaba gusuzuma bikwiye inzu z'ingenzi.

  

Nyakwubahwa  Umunyamabanga Ntayegayezwa w'Inama Nkuru y'Igihugu Ijejwe Umutekano,  Coloneli Petero Claver NZISABIRA (SP/CNS), yagarutse kandi kubijanye n'ibihuha bica hirya no hino, asaba abanegihugu gushira umutima munda ko atanzu iriko irasha kandi ari ibinyoma gusa kandi koimipaka icungerewe neza mu gihugu cose ari amahoro.

Mukurangiza, abari batavye iyo nama baronkejwe akanya ko kubaza ibibazo no guterera kuvyo bari bahejeje gushikirizwa.

  

FYONDA HANO URABE IJAMBO RYASHIKIRIJWE NA NYAKUBAHWA UMUNYAMABANGA NTAYEGAYEZWA W’INAMA NKURU Y’IGIHUGU IJEJWE UMUTEKANO, YASHIKIRIJE ABARI MU MANAMA Y’AMAKOMITE Y’UMUTEKANO AHURIKIWEMWO NA BOSE MURI BUJUMBURA-RURAL.

PUBLICATIONS

avril 2024
lmmjvsd
1234567
891011121314
15161718192021
22232425262728
2930
Copyright © 2024 SPCNS-Burundi. Tous Droits Réservés.
Conçu et Réalisé par BD HOPE COMPANY