Inama yo gutsimbataza amahoro n'umutekano y'abandanirije mu ntara ya Rumonge kw'igenekerezo rya 3 kigarama 2019 ku mugwa mukuru w'iyo ntara nyene. Nyakwubahwa Umunyamabanga Ntayegayezwa w'Inama Nkuru y'Igihugu Ijejwe Umutekano, Coloneli P. Claver NZISABIRA, yagarutse kandi kubijanye no kubungabunga amahoro n'umutekano na cane cane mu guhanahana amakuru uko bitegerezwa no gusuzuma udukaye tw'inzu (cahiers de ménages) akongera akanasaba gusuzuma bikwiye inzu z'ingenzi.
Nyakwubahwa Umunyamabanga Ntayegayezwa w'Inama Nkuru y'Igihugu Ijejwe Umutekano, Coloneli P. Claver NZISABIRA, yibukije kandi ko intara ya Rumonge iri mu zihana urubibe n’igihugu ca Tanzania,ko hari rero ibidandazwa bica mu mabarabara ndetse no mu mazi; aca asaba rero ko abarongoye abandi bokwama barikanuye kugira ngo amakori n’ama taxes vyose vyamuka ku rudandaza ruciye muri iyo mihora yinjire mu kigega ca Leta.