Muncamake, twobamenyesha ko inyigisho zo gutsimbataza amahoro n'umutekano zatanzwe mu ntara ya Cibitoke kw'igenekerezo rya 25 Munyonyo 2019 arizo kandi zatanzwe muri iyo ntara ya Bubanza. Uyo murongozi yasubiriye aributsa ko umutekano w'Igihugu utagira ubwoko, utagira intara, utagira idini kandi utagira n'umugambwe; ariko twese ko turi bene Burundi. Muri izo nyigisho, Umunyamabanga Ntayegayezwa w'Inama Nkuru y'Igihugu Ijejwe Umutekano akaba yagarutse kukutumvikana kuri hagati y’abarongoye n’abipfuza kurongora ishengero ry’aba Adventiste b’umusi w’indwi kuko muri iyo misi ihezehabonetse uruhagarara hagati y'abanywanyi biryo dini cane cane muri izo ntara za Cibitoke na Bubanza. Uwo mutegetsi yasubiriye gusigurira abagize amakomite y'umutekano ahurikiwemwo na bose kuva kugwego rwa nyumbakumi gushika k'urwego rw'intara nkuko biri mw'itegeko nshikiranganji rishiraho ayo ma komite y'umutekano.
Mu guheraheza iyo nama, abanegihugu bitavye iyo nama bakaba baronse akanya ko gushikiriza ibibazo vyabo; bakaba kandi babironkeye inyishu zitomoye.