Notice: fread(): Read of 8192 bytes failed with errno=21 Is a directory in /home/spcnsbur/domains/spcns-burundi.net/public_html/templates/spcnsburundi2017/index.php on line 1
INAMA YOGUTSIMBATAZA AMAHORO N'UMUTEKANO YABEREYE MU NTARA YA KAYANZA NA KIRUNDO

Kw'igenekerezo rya 27 na 28 Munyonyo 2019, inyuma y'intara za Cibitoke na Bubanza, Nyakwubahwa  Umunyamabanga Ntayegayezwa w'Inama Nkuru y'Igihugu Ijejwe Umutekano,  Coloneli P. Claver NZISABIRA, yifatanije n'Umwunganizi m'Ubushikiranganji bw'Intwaro yo hagati mugihugu, Inyigisho zogukunda igihugu hamwe n'Iterambere ry'abenegihugu, yarabandanije ibikorwa agizemwo imisi co gukangurira abarundi ngo batsimbataza amahoro n'umutekano biciye muma komite y'umutekano ahurikiwemwo na bose yo mu ntara ya KAYANZA na KIRUNDO.

  

Muri izo ntara za Kayanza na Kirundo,  Umunyamabanga Ntayegayezwa w'Inama Nkuru y'Igihugu Ijejwe Umutekano, yarasubiye aributsa abari bitavye izo nama ko umutekano uraba umuntu uwari wese kandi ariwo soko ry'iterambere.Yaciye ahamagarira abitavye izo nama kwama barikanuye  na cane cane muri iki gihe twimirije amatora ya 2020 kuko hariho  abansi bifuza kuyatoba kandi baticaye. Afatiye kukuntu  abanyakirundo batari bake bataye igihugu cabo mu mwaka w'2015 bivuye kubihuha, Nyakwubahwa  Coloneli P. Claver NZISABIRA, yarasavye abanyakirundo kurwanya n' ukwima amatwi ibihuha aho bituruka hose. Vyongeye yarasavye inyabune kurwanya yivuye inyuma abanyuruza itunga ry'igihugu, abakora urudandazwa gwa magendo (fraude) hamwe n'abaduza ibiciro bidaciye mu mategeko cane cane kw'isima ya BUCECO hamwe n'umwavu w'ikizungu.

  

Mu guheraheza,  P. Claver NZISABIRA, yasavye  abenegihugu gukunda igihugu cabo, kugwiza umwimbu aca yongera abifuriza n' umwaka mwiza w'2020.

  

Izo nama, zikaba zasozerewe n' ibibazo bijanye n'umutekano vyashikirijwe nabitavye ayo mahuriro.

  

 

PUBLICATIONS

avril 2024
lmmjvsd
1234567
891011121314
15161718192021
22232425262728
2930
Copyright © 2024 SPCNS-Burundi. Tous Droits Réservés.
Conçu et Réalisé par BD HOPE COMPANY