Notice: fread(): Read of 8192 bytes failed with errno=21 Is a directory in /home/spcnsbur/domains/spcns-burundi.net/public_html/templates/spcnsburundi2017/index.php on line 1
ACTUALITES - SPCNS - BURUNDI

Inama yo gutsimbataza amahoro n'umutekano y'abandanirije mu ntara ya Rumonge kw'igenekerezo rya 3 kigarama 2019 ku mugwa mukuru w'iyo ntara nyene. Nyakwubahwa  Umunyamabanga Ntayegayezwa w'Inama Nkuru y'Igihugu Ijejwe Umutekano,  Coloneli P. Claver NZISABIRA, yagarutse kandi kubijanye no kubungabunga amahoro n'umutekano na cane cane mu guhanahana amakuru uko bitegerezwa no gusuzuma udukaye tw'inzu (cahiers de ménages) akongera akanasaba gusuzuma bikwiye inzu z'ingenzi.

  

Nyakwubahwa  Umunyamabanga Ntayegayezwa w'Inama Nkuru y'Igihugu Ijejwe Umutekano,  Coloneli P. Claver NZISABIRA, yibukije kandi ko intara ya Rumonge iri mu  zihana urubibe n’igihugu ca Tanzania,ko hari rero ibidandazwa bica mu mabarabara ndetse no mu mazi; aca asaba rero ko abarongoye abandi bokwama barikanuye kugira ngo amakori n’ama taxes vyose vyamuka ku rudandaza ruciye muri iyo mihora yinjire mu kigega ca Leta.

  

FYONDA HANO UKIRIKIRANE IJAMBO RYOSE RYA NYAKWUBAHWA  UMUNYAMABANGA NTAYEGAYEZWA W'INAMA NKURU Y'IGIHUGU IJEJWE UMUTEKANO,  COLONELI P. CLAVER NZISABIRA.

 Kw'igenekerezo rya 2 Kigarama 2019, Nyakwubahwa  Umunyamabanga Ntayegayezwa w'Inama Nkuru y'Igihugu Ijejwe Umutekano,  Coloneli Petero Claver NZISABIRA (SP/CNS), afadikanije n'Umwunganizi m'Ubushikiranganji bw'Intwaro yo hagati mugihugu, Inyigisho zogukunda Igihugu hamwe n'Iterambere ry'abenegihugu, yabandanirije igikogwa co gukangurira abenegihugu gutsimbataza amahoro n'umutekano biciye muma komite y'umutekano ahurikiwemwo na bose yo muri komine Nyanza-lac, Kibago na Mabanda vyo mu ntara ya Makamba.

   

Muri iyo nama Nyakwubahwa  Umunyamabanga Ntayegayezwa w'Inama Nkuru y'Igihugu Ijejwe Umutekano, Coloneli P. Claver NZISABIRA, yagarutse kandi kubijanye no kubungabunga amahoro n'umutekano, yibutsa ko umutekano atari uwaba polisi n'abasoda gusa, ahubwo ari uwabenegihugu bose n'abanyamahanga baba mu Burundi. SP/CNS yibukije kw'iyo ntara iri mu zihana imbibe n'igihugu ca Tanzanie, kw'ivyo rero bategerezwa kuba maso mugucungera uruja n'uruza rw'ibidandazwa n'abantu bica kurubibe mu kwirinda urudandazwa rutemewe n'amategeko (fraude). Yibukije kandi ko mu kubumbatira amahoro n'umutekano bokwirinda ibihuha bica ku mbuga ngurukanabumenyi kuko biri mubihungabanya umutekano.

  

Petero Claver NZISABIRA, yibukije kandi ko ama komite y'umutekano  ihurikiwemwo na bose atanumwe avuyemwo canke ngo akumirwe kandi ko bategerezwa guhanahana amakuru uko bitegerezwa mukwama na ntaryo kwitwararika kuzitira tutaronerwa.

Imbere yuko iyo nama irangira, abari bayitavye baronse akaryo keza ko gushikiriza ibibazo n'ivyifuzo vyabo.

FYONDA HANO KUGIRA UKURIKIRANE IJAMBO NYAKWUBAHWA  UMUNYAMABANGA NTAYEGAYEZWA W'INAMA NKURU Y'IGIHUGU IJEJWE UMUTEKANO,  COLONELI P. CLAVER NZISABIRA YASHIKIRIJE.

Kw'igenekerezo rya 27 na 28 Munyonyo 2019, inyuma y'intara za Cibitoke na Bubanza, Nyakwubahwa  Umunyamabanga Ntayegayezwa w'Inama Nkuru y'Igihugu Ijejwe Umutekano,  Coloneli P. Claver NZISABIRA, yifatanije n'Umwunganizi m'Ubushikiranganji bw'Intwaro yo hagati mugihugu, Inyigisho zogukunda igihugu hamwe n'Iterambere ry'abenegihugu, yarabandanije ibikorwa agizemwo imisi co gukangurira abarundi ngo batsimbataza amahoro n'umutekano biciye muma komite y'umutekano ahurikiwemwo na bose yo mu ntara ya KAYANZA na KIRUNDO.

  

Muri izo ntara za Kayanza na Kirundo,  Umunyamabanga Ntayegayezwa w'Inama Nkuru y'Igihugu Ijejwe Umutekano, yarasubiye aributsa abari bitavye izo nama ko umutekano uraba umuntu uwari wese kandi ariwo soko ry'iterambere.Yaciye ahamagarira abitavye izo nama kwama barikanuye  na cane cane muri iki gihe twimirije amatora ya 2020 kuko hariho  abansi bifuza kuyatoba kandi baticaye. Afatiye kukuntu  abanyakirundo batari bake bataye igihugu cabo mu mwaka w'2015 bivuye kubihuha, Nyakwubahwa  Coloneli P. Claver NZISABIRA, yarasavye abanyakirundo kurwanya n' ukwima amatwi ibihuha aho bituruka hose. Vyongeye yarasavye inyabune kurwanya yivuye inyuma abanyuruza itunga ry'igihugu, abakora urudandazwa gwa magendo (fraude) hamwe n'abaduza ibiciro bidaciye mu mategeko cane cane kw'isima ya BUCECO hamwe n'umwavu w'ikizungu.

  

Mu guheraheza,  P. Claver NZISABIRA, yasavye  abenegihugu gukunda igihugu cabo, kugwiza umwimbu aca yongera abifuriza n' umwaka mwiza w'2020.

  

Izo nama, zikaba zasozerewe n' ibibazo bijanye n'umutekano vyashikirijwe nabitavye ayo mahuriro.

  

 

Kw'igenekerezo rya 26 Munyonyo 2019, Nyakwubahwa  Umunyamabanga Ntayegayezwa w'Inama Nkuru y'Igihugu Ijejwe Umutekano,  Coloneli P. Claver NZISABIRA, yifatanije n'Umwunganizi m'Ubushikiranganji bw'Intwaro yo hagati mugihugu, Inyigisho zogukunda igihugu hamwe n'Iterambere ry'abenegihugu, yakoresheje inama abagize amakomite y'umutekano ahurikiwemwo na bose yo muma komine  agize intara ya Bubanza arizo Gihanga, Mpanda, Bubanza, Musigati na Rugazi.

 

Kw'igenekerezo rya 25 Munyonyo 2019, inama y'umutekano  yabereye muri  komine Buganda, intara ya Cibitoke. Iyo nama ikaba yari irongowe na nyakwubahwa Umunyamabanga Ntayegayezwa w'Inama Nkuru y'Igihugu Ijejwe Umutekano hamwe  nyakwubahwa Umushikiranganji w'Intwaro yo hagati mugihugu, Inyigisho zogukunda igihugu hamwe n'Iterambere ry'abenegihugu. Iyo nama rero ikaba yari yitabwe naba musitanteri, abarongoye amazone, abari mu nzego z'umutekano, abarongoye imitumba, amashure , abaserukiye amadini hamwe nabagize komite y'umutekano ahurikiwemwo na bose bo muma komine ya Mabayi, Mugina, Rugombo, Murwi na Buganda. Iyo nama rero ikaba yari ifise intumbero y'ugutsimbataza amahoro n'umutekano muri izo komine zigize iyo ntara ya Cibitoke.                                   

 Umunyamabanga Ntayegayezwa w'Inama Nkuru y'Igihugu Ijejwe Umutekano,  Coloneli P. Claver NZISABIRA, mw'ijambo yashikirije abitavye iyo nama yamenyesheje ko umurundi wese eka n'umunyamahanga aba mu Burundi  afise uruhara  mu gusimbataza amahoro n'umutekano; kuko ivyo bitariho ata terambere rishoboka. Yibukije rero ko umutekano utakiraba abasoda n'abapolisi gusa ariko ari igikorwa c'umwenegihugu wese ari mu gihugu.

PUBLICATIONS

avril 2024
lmmjvsd
1234567
891011121314
15161718192021
22232425262728
2930
Copyright © 2024 SPCNS-Burundi. Tous Droits Réservés.
Conçu et Réalisé par BD HOPE COMPANY