Notice: fread(): Read of 8192 bytes failed with errno=21 Is a directory in /home/spcnsbur/domains/spcns-burundi.net/public_html/templates/spcnsburundi2017/index.php on line 1
ACTUALITES - SPCNS - BURUNDI

Kw'igenekerezo rya 27 na 28 Munyonyo 2019, inyuma y'intara za Cibitoke na Bubanza, Nyakwubahwa  Umunyamabanga Ntayegayezwa w'Inama Nkuru y'Igihugu Ijejwe Umutekano,  Coloneli P. Claver NZISABIRA, yifatanije n'Umwunganizi m'Ubushikiranganji bw'Intwaro yo hagati mugihugu, Inyigisho zogukunda igihugu hamwe n'Iterambere ry'abenegihugu, yarabandanije ibikorwa agizemwo imisi co gukangurira abarundi ngo batsimbataza amahoro n'umutekano biciye muma komite y'umutekano ahurikiwemwo na bose yo mu ntara ya KAYANZA na KIRUNDO.

  

Muri izo ntara za Kayanza na Kirundo,  Umunyamabanga Ntayegayezwa w'Inama Nkuru y'Igihugu Ijejwe Umutekano, yarasubiye aributsa abari bitavye izo nama ko umutekano uraba umuntu uwari wese kandi ariwo soko ry'iterambere.Yaciye ahamagarira abitavye izo nama kwama barikanuye  na cane cane muri iki gihe twimirije amatora ya 2020 kuko hariho  abansi bifuza kuyatoba kandi baticaye. Afatiye kukuntu  abanyakirundo batari bake bataye igihugu cabo mu mwaka w'2015 bivuye kubihuha, Nyakwubahwa  Coloneli P. Claver NZISABIRA, yarasavye abanyakirundo kurwanya n' ukwima amatwi ibihuha aho bituruka hose. Vyongeye yarasavye inyabune kurwanya yivuye inyuma abanyuruza itunga ry'igihugu, abakora urudandazwa gwa magendo (fraude) hamwe n'abaduza ibiciro bidaciye mu mategeko cane cane kw'isima ya BUCECO hamwe n'umwavu w'ikizungu.

  

Mu guheraheza,  P. Claver NZISABIRA, yasavye  abenegihugu gukunda igihugu cabo, kugwiza umwimbu aca yongera abifuriza n' umwaka mwiza w'2020.

  

Izo nama, zikaba zasozerewe n' ibibazo bijanye n'umutekano vyashikirijwe nabitavye ayo mahuriro.

  

 

Kw'igenekerezo rya 26 Munyonyo 2019, Nyakwubahwa  Umunyamabanga Ntayegayezwa w'Inama Nkuru y'Igihugu Ijejwe Umutekano,  Coloneli P. Claver NZISABIRA, yifatanije n'Umwunganizi m'Ubushikiranganji bw'Intwaro yo hagati mugihugu, Inyigisho zogukunda igihugu hamwe n'Iterambere ry'abenegihugu, yakoresheje inama abagize amakomite y'umutekano ahurikiwemwo na bose yo muma komine  agize intara ya Bubanza arizo Gihanga, Mpanda, Bubanza, Musigati na Rugazi.

 

Kw'igenekerezo rya 25 Munyonyo 2019, inama y'umutekano  yabereye muri  komine Buganda, intara ya Cibitoke. Iyo nama ikaba yari irongowe na nyakwubahwa Umunyamabanga Ntayegayezwa w'Inama Nkuru y'Igihugu Ijejwe Umutekano hamwe  nyakwubahwa Umushikiranganji w'Intwaro yo hagati mugihugu, Inyigisho zogukunda igihugu hamwe n'Iterambere ry'abenegihugu. Iyo nama rero ikaba yari yitabwe naba musitanteri, abarongoye amazone, abari mu nzego z'umutekano, abarongoye imitumba, amashure , abaserukiye amadini hamwe nabagize komite y'umutekano ahurikiwemwo na bose bo muma komine ya Mabayi, Mugina, Rugombo, Murwi na Buganda. Iyo nama rero ikaba yari ifise intumbero y'ugutsimbataza amahoro n'umutekano muri izo komine zigize iyo ntara ya Cibitoke.                                   

 Umunyamabanga Ntayegayezwa w'Inama Nkuru y'Igihugu Ijejwe Umutekano,  Coloneli P. Claver NZISABIRA, mw'ijambo yashikirije abitavye iyo nama yamenyesheje ko umurundi wese eka n'umunyamahanga aba mu Burundi  afise uruhara  mu gusimbataza amahoro n'umutekano; kuko ivyo bitariho ata terambere rishoboka. Yibukije rero ko umutekano utakiraba abasoda n'abapolisi gusa ariko ari igikorwa c'umwenegihugu wese ari mu gihugu.

Le Conseil National de Sécurité s'est réuni en session ordinaire, ce Vendredi 16 Août 2019, sous la Présidence de son Excellence Monsieur le Président de la République et Président dudit Conseil. 

Cliquez ici pour télécharger le communiqué complet en français

Cliquez ici pour télécharger le communiqué complet en Kirundi

Conformément aux prescrits de la Stratégie Nationale de Sécurité, le Secrétaire Permanent du Conseil National de Sécurité, Général-Major Ntigurirwa Silas a tenu une réunion ordinaire du Comité des Secrétaires Permanents des différents Ministères en date du 28 Février 2019 à l’hôtel «  Best OutLook », à Bujumbura.

 

PUBLICATIONS

juin 2023
lmmjvsd
1234
567891011
12131415161718
19202122232425
2627282930
Copyright © 2023 SPCNS-Burundi. Tous Droits Réservés.
Conçu et Réalisé par BD HOPE COMPANY